MBOKA NA BISO
JF-Expert Member
- Jan 31, 2025
- 670
- 789
Amajambo Prezida Ndayishimiye yaraye akoresheje asa n’ayateguza intambara. Mw’ijwi ry’ibigumbagumba vyinshi, Evariste Ndayishimiye yaragabishije abotera Uburundi, baba abo mu Burundi canke abo hanze y’Uburundi, yababwiye ko intambara izohera iwabo yongere iherere iwabo. Yavuze ko intambara ayizi, ko we yayigiyemwo kubera yari impunzi maze atera Uburundi kugira akureho abicanyi. Yemeza ko ubu abarundi bose yabashize hamwe, ngo none "vyose birashoboka" !
🔴 Induru nyinshi canke amajambo akaze sivyo bikinga ko habaho intambara !
Prezida Micombero yagira ati :
"Nibaca mu kuzimu tuzobatuma ifuku, nibaca mu kirere tuzobatuma inkuba, nibaca mu mazi tuzobatuma ingona."
Prezida Bagaza yavuga ngo : "turazi intambara zitera n’izidatera, nizatera tuzozivuna, nitwazivuna tuzozitsinda" !
Prezida Buyoya yavuga ko abansi b’ubumwe n’amahoro ata ntambwe n’imwe bazomuterana.
Aya majambo yose yari akaze, igisoda cari gikomeye cane (ni naco conyene mu karere kitatsinzwe) ariko amajambo ntiyabujije intambara mu Burundi.
🔴 Gukuraho akarenganyo nivyo bikingira igihugu !
Ijambo rya Prezida Ndayishimiye ririmwo igihushane gikomeye. Evariste Ndayishimiye yemeza ko yagiye ku rugamba kubera yari impunzi, aca agwanya intwaro y’abicanyi. Uyu musi dufise indiri z’ibihumbi vy’impunzi z’abarundi vyahunze intwaro ihiga kubica, kubanyuruza, kubapfungira ubusa no kubanyaga utwabo.
Nimba Ndayishimiye yibuka ko akarenganyo kamutumye aba nk’uwiyahura akaja kwita ku gisirikare atari ashoboye kugwanya, ni kuki uyu musi atoshira inguvu mu gukuraho ibintu bituma hagumaho impunzi z’abarundi ?
Nta n'umwe intambara iryohera, nta n’umwe yipfuza kuba mu ntambara. Ka karenganyo kamutumye aja kwiyahura akiri muto niko n'uyu musi gashobora gukwega akaga mu Burundi. Intambara burya ntiziterwa n’abaja kwiyahura ku rugamba kubera ata kundi bari bugire, ahubwo intambara ziterwa n’intwaro mbi. Nimba intambara izosubira kubaho ni Ndayishimiye azoba ayiteye.
🔴 Turabandanya guhanura abatwara Uburundi : nimuhagarike akarenganyo, nimuhagarike kwica no kunyuruza abarundi, nimuhagarike kwigisha urwanko, nimuhagarike ubusuma, nimwubake Uburundi bw’abarundi twese. Muzoba mudukinze intambara.